spot_img

Amerika Umugore yarashe umugabo washakaga kurasa abari  mubirori muri Virginia

Umugore wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarashe yica umugabo ubwo abantu  bari mu birori i Charleston muri Virginia y’uburengero.

Dennis Butler, umugabo w’imyaka 37 kandi azwi mu bukozi bw’ibibi, yarashwe igihe yari arasa abantu 40 bari bibereye mu birori byu umusi mukuru w’amavuko.

Umuvugizi w’igipolisi Tony Hazelett yavuze ko ubutabazi bw’uyu mugore bwarokoye ubuzima bw’abantu benshi kandi anaburizamwo uyu mugabo mugabo yarafite.

Ibi bibaye mu gihe ik igihugu kiri mu mpaka ku bijanye no gutunga intwaro inyuma y’igitero c’umusore yitwaje intwaro kw’ishure ryo muri Texas.

Butler yariko agendesha imodoka ku wa gatatu mu mugoroba igihe asabwa kugabanya umuvuduko kubera abana barimo barakina.

Nyuma yagiye kugaruka afite intwaro yo mu bwoko bwa AR-15 arasa abantu bari mu birori by’amavuko impande y’umuhana muri akogace.

Hazelett yabwiye abanyamakuru ko uyu mugore yatabaye atigeze aba mu nzego zishinze umutekano. Ntiyatanze umwidondoro wiwe.

“Ni umunyagihugu asanzwe yari yitwaje intwaro atunze biciye mu mategeko. Hanyuma akiruka ahunga, yahise ahubwo guhangana n’iyo nkozi y’ikibi maze arokora ubuzima bw’abantu”.

Uyo mugore yagumye aho ibyo byabereye, kandi ariko akorana neza n’abashinzwe iperereza.

Igipolisi kivuga ko uyo mugore ntabyaha acyekwaho.

Kivuga kandi ko Butler yagiye gufatwa afite n’ibikomere by’amasasu menshi yarashwe.

Hazelett avuga ko bitaramenyekana neza uburyo Butler yabonye icyo kirwanisho, yari atunze kandi amategeko atabimwemerera kubera ibyaha by’ubukozi bw’ikibi bimuzwiho.

Ayamahano yabaye ipnyuma y’aho umusore yari afite intwaro arasiye akica abantu 21 muri Texas akoresheje intwaro yo mu bwoko bwa AR-15, intwaro yaguze biciye mu mategeko.

Iki gitero cyatumye hasubira kubyuka impaka ku burenganzira bw’abantu ku giti cye bwo gutunga intwaro, busanzwe butangwa n’ibwirizwashingiro rya Amerika.

Check out other tags:

Most Popular Articles

spot_img