spot_img

Adidas yabujijwe kwamamaza udupfukamabere  kubera kwerekana amabere y’abagore

Adidas yabujijwe gusubira gukoresha amasanamu yerekana amabere ari hejuru mu bikorwa vyayo vyo kwamamaza kuko yerekana ubwambure bweruye.

Amasanamu y’amabere y’abagore baharurwa muri mirongo b’amabara y’uruhu atandukanye, ubumere n’ubunini butandukanye batonze ku murongo yerekanywe ku rubuga rwa Twitter no ku vyapa bibiri.

Ikigo kijejwe ivyerekeye ukwamamaza, Advertising Standards Agency (ASA), casanze uburyo bwose butatu bukoreshwa bushobora gutera agasuzuguro.

Adidas yoyo ivuga ko kwamamaza muri ubu buryo “vyerekana ingene amabere ari kwinshi”, bityo rero bikerekana ingene ari nkenerwa kwambara agapfukamabere mu kwinonora kameze neza.

Umuvugizi wa Adidas ishami ryo mu Bwongereza avuga ko iyi kompanyi ataco yiyagiriza ku butumwa buri muri iryo yamamaza rikiri ahabona ku rubuga rwayo ngurukanabumenyi.

Ubwo butumwa bwo kuri Twitter bwasohowe muri Ruhuhuma (2) bufise amajambo ngo: “Turemera ko amabere y’abagore uko aba ameze kwose n’uko angana kwose ari ngombwa ko acigatirwa neza.

“Ari co gituma udupfukamabere twacu dushasha two kwinonora tugizwe n’ubwoko 43, kugira ngo umwe umwe wese yihitiremwo ako bakwiranye”.

Ivyapa vyompi vyerekana amashusho asa y’abagore yakaswe, bikavuga biti: “Ni co gituma tutakoze ubwoko bumwe gusa bw’agapfukamabere k’inkino ngororamubiri”.

Iki kigo kijejwe ivyerekeye kwamamaza caronse abantu 24 bacituye bavuga ko kwamamaza hakoreshejwe abantu bambaye ubusa ata nsiguro bifise kandi bitesha agaciro abagore mu kubagira ibikoresho vyo kwinezereza mu buryo bwo guhuza ibitsina hamwe “no kubanganisha n’ibihimba vy’umubiri”.

Hari bamwe bacituye bakibaza nimba ibi vyapa bibereye gushirwa ahantu habona, aho abana bashobora kubabona.

Twitter nayo nyene ivuga ko ubwo butumwa bwaneguwe na bamwe bu bakoresha uru rubuga ariko ko bwahavuye buboneka ko budateye kubiri n’ametegeko ngenderwako.

Ikigo ASA kivuga ko kitibajije nimba ingene abo bagore berekanywe muri ubwo butumwa bwa Twitter bubagaragaza mu bwambure bwabo canke bukabafata nk’ibikoresho vyo kwinezereza.

Ariko cahavuye gisanga ubu butumwa bushobora gufatwa ko bwerekana ubwambure bwabo kandi bugasaba kwitonderwa kugira ngo ntihagire uwo butirimutsa.

Cafashe ingingo ko ivyo vyapa bitabereye gukoreshwa mu bibanza bitizwe neza aho bishobora kubonwa n’abana. Adidas ishami ryo mu Bwongereza ivuga ko aya masanamu yari afise intumbero yo “kwerekana no kwishimira imforo n’ibihagararo bitandukanye, kwerekana ubudasa no kwerekana ingene gukora udupfukamabere dufata neza ufatiye ku kuntu umuntu angana ari nkenerwa”.

Kivuga ko aya masanamu yakaswe kugira ngo ntibamenyekane no mu ntumbero yo kubungabunga umutekano wabo, kikongerako y’uko abo bose berekanywe muri iri yamamaza babikoze ku gushaka kwabo kandi ko bashigikiye intumbero yayo.

Check out other tags:

Most Popular Articles

spot_img