Imbuto enye z’igihigwa cy’ itabi zabonywe mugicaniro ca kera mu ntara ya Utah bikerekana y’uko abanye Amerika ba kera cane bakoresha ico gihigwa nyuma yimyaka 12.300.
Gutorwa kw’izo mbuto kwerekana yuko gukoresha itabi ubwa mbere byabaye imyaka 9000 imbere y’igihe cyari gisanzwe kizwi.
Abashakashatsi bemeza yuko abantu bari batunzwe no guhiga hamwe no gutora hirya no hino ibyo bafungura mu karere ya Great Salt Lake Desert, bashobora kuba baranywaga amababi y’ico gihingwa.
Kujyeza ubu, ikimenyetso cyari kizwi cy’ikoreshwa ry’itabi ni inkono y’itabi imaze imyaka 3.300 yatowe i Alabama.
Abahinga muri kahise kanyegeje mu kuzimu (archaeologists) batoye izo mbuto z’ubwaguke bwa milimetero imwe mu kibanza cya kera cyane kizwi nka Wishbone, muri Utah.
Muri icyo kibanza, basanze ibisigarira by’iciganiro cya kera cyari gikikijwe n’ibisharizo bikozwe mu magufa n’amabuye.
Harimwo amagufa y’imbata, udutebe dukozwe mu mabuye, hamwe n’isonga ry’icumu ririho amaraso yavuye ku gikoko kizwi nka mammoth cyo mu bwoko bw’inzovu za kera.
Ibi byatowe byerekana yuko abanya Amerika ba kera bari batunzwe no guhiga hamwe no gutoratora ibyo bafungura, bakoresha itabu bari guteka cyangwa bahingura ibikoresho, nk’uko bigaragara mu kinyamakuru c’ubuhinga Natural Human Behaviour.
Igiterwa cy’itabi cyambuka ku migabane ya Amerika kandi kirimwo inkabuzo iborera kandi insitsa ingeso izwi nka nicotine.
Itabi ryararimwe cyane kandi rikwirakwizwa hose kw’isi nyuma y’umuzo w’abanye Buraya ku migabane ya Amerika mu mpera z’ikinyejana cya 15.
Daron Duke wo mu kigo cy’ubushashashatsi Far Western Anthropological Research Group, yabwiye ikinyamakuru New Scientist ati: “Izi mbuto z’itabi ni ikintu cyadutangaje cyane. Ni ntoyi cyane kandi kuba zaribitse uko ni ibinti bidasanzwe.
“Ibi bigaragaza yuko abantu bari bazi ubushobozi bw’itabi bwo kuboreza (gusindisha) kera cyane imbere y’uko batangira gutunga ibisimba hamwe no kurima, byashitsweho imyaka ibihumbi mu nyuma.”
Mur iki gihe, akarere ka Great Salt Lake Desert ni ikiyaga kinini cyakamye. Ariko imyaka 12.300 mbere, iki kibanza cyari cyuzuye ubwatsi bwarengewe n’amazi.
Avuga ku bari batunzwe no guhiga hamwe no gutoratora ibyo bafungura bahaba, Bwana Duke agira ati “Tuzi bikeya cyane ku byerekeye umuco wabo. Ikintu kinteye ubwira cyane muri ibi twatoye ni kuba tubonye ikintu kimwe cyagirwa mu kibano cyabo muri kahise kazwiko bikeya. Mu mutwe wanje haca hazamwo byinshi cyane.”