Uko imyaka ishira indigataha isi yunguka abanyemano bashya ukobwije nuko bukeye, muriyinkuru twabateguriye abanyemano icyenda batwaye ballon d’or, igikombe cy’isi na champions league:
9.Robert Charlton yavutse 11/10/1937 avukira Ashington, Northumberland, England. Yatangiye gukina umupira w’amaguru mu 1953 amanika inkweto mu 1976, yakiniye amakipe nka Manchester United, Preston North End na Waterford, muri kariyeriye y’umupira w’amaguru yakinnye imikino izwi 764 atsinda ibitego 268.
Yatwaye ibikombe 16 birimo champions league yatwaye 1968 n’igikombe cy’isi yatwaye 1966, yatwaye ballon d’or muri 1966.
8.Gerhard Müller yavutse 3/11/1945 avukira Nördlingen, Germany, yatangiye gukina umupira w’amaguru mu 1958 amanika inkweto mu 1981, yitab’Imana muri 2021 Wolfratshausen, Germany. Yakiniye amakipe nka Nördlingen, Bayern Munich na Fort Lauderdale Strikers, yakiniye kandi na ekipe y’igihugu ya West Germany. Muri kariyeri y’umupira w’amaguru yakinnye imikino izwi 618 atsinda ibitego 556.
Yatwaye ibikombe 16 birimo igikombe cy’isi yatwaye 1974, champions league yatwaye muri 1974, 1975 na 1976. Atwara na ballon d’or mu 1970.
7.Franz Anton Beckenbauer yavutse 11/09/1945 avukira Munich, Germany, yatangiye gukina umupira w’amaguru mu 1951 amanika inkweto mu 1983, yayikiniye amakipe nka Bayern Munich, New York Cosmos na Hamburger SV. Yakiniye na ekipe y’igihugu ya West Germany. Muri kariyeri y’umupira w’amaguru yakinnye imikino izwi 668 atsinda ibitego 96.
Yatwaye ibikombe 20 nk’umukinnyi na 4 nk’umutoza, harimo ik’igikombe cy’isi yatwaye 1974 na champions league yatwaye muri 1974, 1975 na 1976, Atwara na ballon d’or yo muri 1972 na 1976.
6.Paolo Rossi yavutse 23/09/1956 avukira prato, Italy, yitaby’Imana 9/12/2020, yatangiye gukina umupira w’amaguru mu 1961 amanika inkweto mu 1987, yakiniye amakipe nka Juventus, Como, Vicenza, Perujia, Milan na Hellas verona, yakiniye na ikipe y’igihugu ya Italy. Muri kariyeri y’umupira w’amaguru yakinnye imikino izwi 299 atsinda ibitego 123.
Yatwaye ibikombe 8 birimo champions league yatwaye mu 1985 n’igikombe cy’isi yatwaye 1982, Atwara na ballon d’or yo muri 1982.
5.Zinedine Yazid Zidane yavutse kuwa 23/6/1972 avukira Marseille, France yatangiye gukina umupira w’amaguru 1981 amanika inkweto mu 2006, yakiniye amakipe nka Cannes, Bordeaux, Juventus na Real Madrid, yakiniye na ekipe y’igihugu ya France. Muri kakariyeri y,umupira w’amaguru yakinnye imikino izwi 644 atsinda ibitego 130.
Yatwaye ibikombe 18 arumukinnyi na 4 nk’umutoza birimo champions league yatwaye muri 1998, n’igikombe cy’isi yatwaye muri 2002, yatwaye na ballon d’or yo mu1998.
4.Rivaldo Víctor Borba Ferreira uzwi nka kak yavutse mu 19/4/1972 avukira Recife, Brazil, yatangiye gukina umupira w’amaguru mu 1989 amanika inkweto mu 2015, yakiniye amakipe nka Santa Cruz, Mogi Mirim, Palmeiras, Deportivo La Coruña, Barcelona, Milan, Cruzeiro, Olympiacos, AEK Athens, Bunyodkor, Kabuscorp, São Caetano na São Caetano. Yakiniye na ekipe y’igihugu ya Brazil, muri kariyeri y’umupira w’amaguru yakinnye imikino izwi 654 atsinda ibitego 287.
Yatwaye ibikombe 25 birimo champion yatwaye muri 2003 n’igikombe cy’isi yatwaye mu 2002, yatwaye na ballon d’or yo muri 1999.
3.Ronaldo de Assis Moreira yavutse 21/3/1980 avukira Porto Alegre, Brazil, yatangiye gukina umupira w’amaguru mu 1985 amanika inkweto mu 2015, yakiniye amakipe nka Grêmio, Paris Saint-Germain, Barcelona, AC Milan, Flamengo, Atlético Mineiro, Querétaro na Fluminense. Yakinnye imikino izwi 665 atsinda ibitego 267.
Yatwaye ibikombe 19 birimo champion League yatwaye muri 2006, igikombe cy’isi cya 2002, yatwaye na ballon d’or yo muri 2005.
2.Ricardo Izecson dos Santos Leite uzwi nka kaká yavutse 22/4/1982 avukira Gama, Federal District, Brazil, yatangiye gukina umupira w’amaguru mu 1994, amanika inkweto mu 2014, yakiniye amakipe nka São Paulo, AC Milan, Real Madrid, na Orlando City, yakiniye na ekipe y’igihugu ya Brazil . Muri kariyeri y’umupira w’amaguru yakinnye imikino izwi 558 atsinda ibitego 179.
yatwaye ibikombe 12 birimo champion League yatwaye muri 2007 n’igikombe cy’isi yatwaye muri 2002, yatwaye na ballon d’or yo muri 2007.
1.Lionel Andrés Messi yavutse 24/6/1987 avukira Rosario, Santa Fe, Argentina, yatangiye gukina umupira w’amaguru mu 1992 nanubu aracyari mukibuga, yakiniye amakipe nka Barcelona na paris saint Germain, yakiniye na ekipe y’igihugu ya Argentina, muri kariyeri y’umupira w’amaguru amaze gukina imikino izwi 789 atsinda ibitego 612.
Amaze gutwaye ibikombe 42 birimo champions league yatwaye 2006, 2009, 2011 na 2015 n’igikombe cy’isi cya 2022, yatwaye na ballon d’or yo muri 2009, 2010, 2011, 2012, 2015, 2019 na 2021.